#BookReview: “Abarundi, Ihanga ryatoranijwe n’Imana: Ibanga rinyegejwe mu masezerano y’Uburundi (Swahili Edition),” by Dr Levi Rukundo Ph.D. #VisionaryAline


Value: $10.00
(as of Nov 17,2018 23:14:54 UTC – Particulars)


Advertisements:

“Abarundi, Ihanga ryatoranijwe n’Imana: Ibanga rinyegejwe mw’isezerano ry’Uburundi” Dr Levi Rukundo, ni Umuhinga mu bijanye na Psychologiya, ivy’indwara zo mu mutwe,Ingeso, imigenzo,n’ivy’imibano. Ni umwigisha kandi muri za Kaminuza zo mu Burundi no mu mahanga. Dr Levi Rukundo yanditse ibitabu vyinshi biri mu ndimi z’Icongereza n’Igifaransa. Ubu muri kino kiringo akaba yasohoye igitabu ciwe ca mbere canditswe mu Kirundi. Dr Levi Rukundo avuga ati burya umwanditsi arashobora gufata ikintu kitabaho, akagiha ubuzima akoresheje ijambo ryiwe yanditse. Ahandi naho ngo umwanditsi kenshi araba ibigenda neza mu gihugu canke kw’isi, akabishigikira bigahabwa agaciro. Ibigenda nabi abishira ahabona kugira ngo abantu bihanure ntibahave bagwa mu kaga. Abandanya avuga ko kenshi na kenshi, usanga umwanditsi afise ivyiyumviro bitandukanye nivyo abandi. Ngo kuko ico wanditse ku buhinga ngurukanabumenyi gitumukana n’umuyaga. Maze ugasanga umwana n’umwuzukuru ntibabibonye. Ariko icanditswe mu gitabu gisa camaho, bigasa nkuwukorogoshoye inyuguti mw’ibuye ry’igitandara. Ivyo navyo rero ngo bigatuma umwanditsi yama agira ubushakashatsi bwimbitse, maze agafurura ukuri kunyegeje, kugira ngo aburire, akize canke atabare abantu. Ivyo nivyo biri muri iki gitabu Dr Levi Rukundo yise “Abarundi, Ihanga ryatoranijwe n’Imana: Ibanga rinyegejwe mu masezerano y’Uburundi”c’impapuro 138 (pages). Dr Levi Rukundo yarasesanguye ivyo abantu bemera yuko Uburundi bwahawe isezerano. Dr Levi Rukundo abwira Abarundi yuko Isezerano ririho ari uko“Imana ikunda abarundi”,akongera akerekana ko urwo rukundo rugendana n’ivyiza 15 adondagura arivyo bamwe baca bita ngo ni amasezerano ku Burundi. Avuga ko gushitswa kuri iryo sezerano ngo kutazokoroka nk’amama y’imvura. Ahubwo ngo ni isezerano riboneka ribanje gukoregwa.



Advertisements:

Patina Yungs

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *